| |
El período embrionario (Las primeras 8 semanas)
Desarrollo embrionario: Las primeras 4 semanas
Capítulo 3 Fecundación
|
| |
| Ibinyabuzima biragaragara,
"ikiremwa muntu gitangira
kubaho igihe co gusama"
ni mugihe umugore n'umugabo
iyo bahuje intanga 23
za buri wese
mugihe co kuryamana
igihe cyo gusama.
Intanga zivyara z'umugore
muri rusange zitwa "igi"
ariko nabwo hakoreshwa ijambo
amasohoro.
Nkuko intanga zivyara
z'umugabo
muri rusange zitwa "amasohoro"
ariko ijambo rikoreshwa
ni intanga.
Imbuto z'umugore iyo zisohotse
nibwo urutonde rwitwa amagi,
igi n'amasohoro bihuriye
muri umwe mu mukenke
wa nyabavyeyi,
arivyo akenshi bishira
imikenke ishashe.
imikenke ya nyabavyeyi
ijana intanga z'umugore
mu kiziba c'inda cangwa
mu gitereko cayo.
Akaburungu kamwe iyo
kagitangura niko kiswe urusoro,
arivyo bisobanura "bibiri
vyafatanye hamwe."
|
Capítulo 4 ADN, división celular y factor temprano de embarazo
|
| |
| Insoro z'uturondorondo 46
zihwanye ni intera imwe
rukumbi ya mbere
nshansha yuzuye y'umuntu
ku giti ciwe muburyo buziguye.
Iryo teganyamigambi riba kandi
rigwatiriye kuburyo rizengurutse
utubumbe twitwa DNA.
Tuba dufite amabwiriza
y'imihindagurikire
y'umubiri wose.
Utuburungu twa DNA
tuba tumeze nk'ingazi ijegajega
tugaragara nk'uruboho
ruboshe kabiri.
Intera z'ingazi
ni utuburungu tubiri tubiri,
cangwa dushingiye kuco bise
ishingiro,
ibifite isukari, imboga, n'inyama.
|
| Ibifite isukari bibiri vyonyine
biba mu maraso,
n'ibikomoka kumboga no ku nyama.
Buri mubiri w'umuntu
ugizwe n'utuburungu
tugera kuri miriyaridi 3
tukagenda ari tubiri tubiri.
Akaburungu kamwe gusa ka DNA
kaba gafise inkuru zitabarika
kuburyo iyo izo nkuru
ziza kwandikwa mu magambo,
niho haza gukoreshwa indome
imwe gusa ibanza ya buri jambo
hakenerwa amapaji miriyoni 1.5
y'ivyanditswe!
Iyo kapimwe uko kangana
akaburungu kamwe ka DNA k'umuntu
gapima santimetero 100
cangwa metero 1.
|
| Dushoboye gukurako
ivyizingiye vyose kuri DNA
mu tuburungu trillion 100
tw'umuntu mukuru,
twakwira ahantu hangana
n'ibirometero miriyaridi 42.
Ubwo burebure bungana no kuva
kw'isi uja ku zuba no kugaruka
inshuro 340.
|
| Ni hafi amasaha 24 kugeza
kuri 30 nyuma yo gutera intanga,
isoro ryigabanyamo ubwa mbere.
Muri urwo rutonde
y'uruja n'uruza,
akaburungu kamwe kicamo kabiri,
tubiri tukichamo 4 nuko…
|
| Nyuma y'amasaha 24 kugeza
kuri 48 intanga zitewe,
ubuhanga bushobora kwemeza
ko umugore atwite
ivyo vyitwa "ikimenyestso cyo
gutwita" mu maraso y'umuvyeyi.
|
Capítulo 5 Etapas iniciales (mórula y blastocito) y células madre
|
| |
| Nyuma y'iminsi 3 kugeza kuri 4
nyuma yo gutera intanga,
utubumbe twigabanyijemo hagaragara
akabumbe gasa n'uruziga
ako kabumbe rero
niko kitwa morula.
Hagati y'iminsi 4 n'iminsi 5, haboneka
akobo mutubumbe tumeze nk'umupira
iyo sura igitangura
niyo yitwa isoro.
Utuburungu imbere mu isoro
twitwa akabumbe k'imbere kanini
niko gatuma umutwe, umubiri,
n'izindi ngingo bikura
ni ngombwa mu mibereho y'umuntu.
Utuburungu imbere
mu kabumbe kanini
twitwa utubumbe fatizo
kubera ko dushobora
kamwe ukwako gashobora
kuvamo utubumbe tugeze kuri 200
turimo umubiri w'umuntu.
|
Capítulo 6 1 a 1½ semanas: implantación y gonadotropina coriónica humana (GCH)
|
| Nyuma yo kugenda
mu mikenke ya nyabavyeyi
akabumbe kishira ubwako
mu rukuta rw'imbere
rw'ikiziba c'inda y'umuvyeyi.
Urwo rutonde, rwitwa
gushimangira, rutangura iminsi 6
rukarangira hagati y'iminsi
10 na 12 intanga zatewe.
Bitewe n'imikurire y'utuburungu
tw'ibanze hatangura ibimenyetso
vyitwa chorionic, gonadotropin,
cangwa hCG.
Ayo niyo mazina y'ibiboneka
iyo basuzumye utwite.
HCG nivyo biranga umuvyeyi
kutongera kuja mu mihango
isanzwe ya buri kwezi
bituma inda ikura.
|
Capítulo 7 La placenta y el cordón umbilical
|
| Ishimangira ribaye,
utubumbe turi
iruhande rwa blastocyst
duha ingovyi kwaguka,
ariyo iba iri hagati
y'ibiri munda n'umwana.
Ingovyi iha umwana
impempu ahumeka, n'ibimutunga,
ivyubaka umubiri, n'imiti
kugira ngo umubiri ukure;
imukurirako imyanda yose;
irinda umwana amaraso ye
kutivanga n'amaraso
y'insobane n'ay'isoro.
Ingovyi itanga kandi
ibimenyetso
ikagira kandi ibipimo
vy'ubushuhe n'ubukonje
burutaho gato
uvy'umuvyeyi wiwe.
Ingovyi ikorana
n'imikurire y'ikiremwa
binyuze mu mitsi
y'umukondo.
Ubuzima bw'umuvyeyi nibwo
buha imbaraga ingovyi
zirwanya inrwara duhura nazo
mu bitaro vy'iki gihe.
|
Capítulo 8 Nutrición y protección
|
| |
| Mugihe c'iyinga 1,
utuburungu tw'imbere
mu kabumbe kanini
dukora kuri tugenzi twatwo tubiri
twiswe
imirongo y'imbere no hasi
n'igaragara hanze.
Hypoblast niyo ituma
umuhondo w'igi ukura
ariwo ufite uburyo umuvyeyi
agaburiramo
aho umwana atangurira.
Utuburungu tuva kuri epiblast
dukora
icitwa amnion (urukoko rukomeye)
arimo isoro
na kera hazoza igi
rizokura kugeza kuvyara.
|
Capítulo 9 2 a 4 semanas: capas germinales y formación de órganos
|
| |
| Mugihe hafi c'amayinga 21/2
epiblast iba yarabaye
impuzu 3 zidasanzwe,
cangwa nk'imbuto ifise
uruhumbu,
yiswe uruhu rw'inyuma,
uruhu rw'imbere,
n'uruhu rw'imbere cane.
Uruhu rw'inyuma
nirwo rutuma vyose bikura
harimo n'ubwonko,
urura rw'izinze,
ubuzima,
uruhu,
inzara,
n'umushatsi.
Uruhu rw'imbere nirwo rutanga
uburyo bwo guhumeka
n'uburyo bwo gusya ibiryo,
nirwo rutuma ibihimba
vyinshi vy'umubiri
nk'umwijima
ndetse n'urwagasha bikura.
Uruhu rw'imbere cane rugize
umutima, imfyiko,
amagufwa,
ingingo
inyama z'umubiri,
utuburungu tw'amaraso
n'ibindi bihimba by'umubiri.
|
| Mugihe c'amayinga 3
ubwonko buba bugabanyijemo
ibice bitatu vy'ibanze
vyitwa ubwonko bubanza,
ubwonko bwo hagati,
n'ubwonko bw'inyuma.
Iterambere ry'uburyo
bwo guhumeka no gusya ibiryo
riba naryo ryaratanguye.
|
| Nkuko utuburungu twa mbere
tw'amaraso
tugaragara mu muhondo w'igi,
imitsi y'amaraso ikora
isoro
n'imikenke y'umutima ikagarara.
Ni nkako kanya,
umutima ukura vuba
wishira mu gitereko wonyine
nkaho uri mu vyumba
bitandukanye
ugatangira gukura.
Umutima utangura gutera
hashize amayinga 3 n'umunsi 1
nyuma yo gutera intanga.
Habanza gukora uburyo
umubiri ugaburirwa,
cangwa uburyo rusange buhuza
ibigize umubiri,
kugira ngo umubiri
ubashe gukora.
|
Capítulo 10 3 a 4 semanas: el plegamiento del embrión
|
| |
| Hagati y' amayinga 3 na 4,
umubiri utanga imigambi yawo
nk'ubwenge,
urura rw'izinze,
n'umutima kimwe n'igi
bigaragara kuburyo bworoshe
hamwe n'umuhondo w'igi.
Gukura vuba bitera
igi kugenda riyoyoka.
Urwo rutonde rujana
n'umuhondo w'igi
mu murongo umwe
n'uburyo umubiri usya ibiryo
ukanakora igituza
n'imyobo y'inda
mu rwego
rw'imikurire y'umuntu.
|